Abantu isinzi mu birori vyo gushingura Muhammad Ali

Muhammad Ali Center

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Abantu isinzi bakoraniye mu kibanza ca Muhammad Ali Center ku wa gatandatu

Abantu isinzi baritezwe ku maziko ya Muhammad Ali ku musi wa Gatanu aho uwo ari we wese azoba ahari azohabwa akaryo ko kumusezera, nk'uko bivugwa n'umuryango wiwe.

Amaziko azobera aho yavukiye mu gisagara ca Louisville, Kentucky, aho uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Amerika Bill Clinton azovugira ijambo ryo kumushingura.

Umunyatugenegene atwenza canem Billy Crystal hamwe n'umumenyeshamakuru w'inkino Bryant Gumbel na bo vyitezwe ko hagira ico bashikirije.

Uwo munonotsi mu gukubitana ingumu w'imyaka 74, yitavye Imana ku musi wa gatanu azize ingwara isanzwe.

Umurynago wiwe uzomusezera mu mwiherera ku musi wa kane.

Uwo mukinyi rurangiranwa yabaye uwa mbere kw'isi incuro zitatu zose, n'umwe mu banonotsi rurangiranwa, yitabiye Imana i Phoenix, Arizona, umubiri wiwe ukazojanwa i Kentucky mu misi ibiri iri imbere.

Azoshingurwa i Cave Hill Cemetery i Louisville, aho yavukiye mu 1942.

Uwo munonotsi mu gukubitana ingumu yari amaze imisi afise ingwara yo kudahema neza, yaje kunyura iyo yari asanganywe ya Parkinson.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Mu nkino 61 zikomeye yagize, Muhammad Ali yatsinze 56

Kw'isi yose abantu bariko baramwunamira na cane cane mu gisagara yavuhiyemwo, aho amabendera yadugijwe gushika hagati, abantu isinzi na bo bakaba bariko baragendera ikibanza ca Muhammad Ali Center canke baja mu nzu ibayabaye yavukiyemwo iri kw'ibarabara rya Grand Avenue.

Prezida Bill Clinton yashingiye intahe Ali kuri uyu wa gatandatu, avuga ko yabaye mu buzima"bwo gukurikiza ivyiyumviro vy'idini na politike yiyumvamwo vyatumye afata ingingo zikomeye kandi yemera n'ingaruka zazo".

Na yo prezida Barack Obama we yavuze ko urupfu rwa Muhammad rwanyiganyije isi.