Amatora ku mishahara mu Buswisse

Ica kane c'abanyagihugu b'Ubuswisse ni bo bipfuza iyo ngingo
Ubuswisse buri mu matora yo kwemeza canke guhakana kugenera umushahara buri mu nyagihugu, kikaba kibaye igihugu ca mbere gitunganije amatora nk'ayo
Iyo nteguro y'itegeko isaba ko umuntu wese akuze yo yohabwa umushahara buri kwezi ata kirinze gusabwa, afise akazi canke atagafise.
Abashigikiye iyo ngingo bavuga ko muri iki kinjana ca 21, akazi gakorwa n'ivyuma hamwe n'ubuhinga karuhariwe kagenda karongerekana, mu gihe ubuzi bukorwa n'abantu bugenda bugabanuka.
Abashigikiye iyo ngingo bavuga ko akazi gakorwa n'abantu kagenda kagabanuka
Ariko ibiharuro vyerekana ko ica kane c'abanyagihugu b'Ubuwisse ari bo bonyene bashigikiye iyo ngingo.
Nta biharuro birashingwa ariko, ariko abashigikiye iyo ngingo basaba umushahara wo ku kwezi wongana n'amafaranga y'amaswisse 2,500(amadolali 2,555) ku muntu akuze, buri mwana na we akaronswa amasuisse 625, uravye uko ubuzima buzimvye muri ico gihugu.
Amamashini n'ubundi buhinga bigenda vyiyongera mu kazi muri iki kinjana ca 21
Ntibiragaragara neza ingaruka zoba ku bantu bafise umushahara utubutse.