Ingurube zishobora gufasha mu gusubiriza ibihimba vy'abantu

Ivyana vyayo bizovuka bisa n' ingurube ariko bifis eigihimba c'umubiri gikora nk' ico umuntu
Insiguro y'isanamu,

Iyi ngurube izezuye ifise ivyana vyetewe uduce tuva mu muntu

Abahinga bo muri Leta zunze Ubumwe za Amerika bariko barakora ubushakashatsi bizeye ko ko bushobora gutanga inzira nshasha yo gufasha mu kibazo c'ubukene bw'ibice vy'umubiri bironswa abarwayi mu gusubiriza ivyabo bitagikora.

Abo bahinga bariko bagerageza gutera ibihimba vy'imibiri y'abantu mu ngurube, bakoresheje ubuhinga bita 'gene editing'.

Ubwo bushakashatsi buriko bukoregwa muri kaminuza ya California, bushingiye mu gutera mu ngurube zikiri munda kwa nyina, uduce ndemangingo bita 'stem cells' tuvuye ku muntu, biteze ko zizovukana urwagasha nk'urwo umuntu.

Ubwo buhinga ntibubonwa kumwe na bose, bamwe bafise impungenge ko bushobora gutuma tumwe muri utwo duce ndemangingo dushobora kwimukira mu bwonko bw'izo ngurube nabwo bugikura.