Abategetsi ba Yordaniya 5 biciwe mu gitero i Baqaa

Amman
Insiguro y'isanamu,

Abantu batantu biciwe mu gitero mu nyubakwa z'iperereza mw'ikambi ya Baqaa

Abantu batanu biciwe mu gitero cagizwe ku bajejwe iperereza ba Yordaniya mw'ikambi y'abanyepalestine mu micungararo y'igisagara ca Amman, nk'uko bimenyeshwa na reta.

Bavuga ko ivyabaye ari "igitero c'iterabwoba".

Batatu muri abo batanu bishwe bari bajejwe iperereza, nk'uko abategetsi babivuga.

Ico gitero cabereye mw'ikambi ya Baqaa mu buraruko bwa Amman kw'isaha 07:00 yo muri ico gihugu (04:00GMT).

Baqaa n'imwe mu makambi atandatu y'abanye Palestine bahunze West Bank na Gaza yubatswe mu 1968, bivuye ku ntamabara yahuje abayahudi n'abarabu mu 1967.

Ishami rya Onu UNRWA rivuga ko ari yo kambi ya mbere nini iri muri Yordaniya.

Umuvugizi wa reta Mohammed Momani yavuze ko ico gitero cari gitumbereye ibiro vy'abajejwe iperereza muri iyo kambi.

Zimwe mu nkuru zivuga ko abishwe bose bari abakozi b'iperereza, izindi zikavuga ko babiri bakora muri ivyo biro gusa.