Abantu babiri biciwe mu myiyerekano mu gisagara ca Kisumu

Bivugwa ko umuntu umwe yoba yamaze gusiga ubuzima mu myiyerekano iriko irabera mu gisagara ca Kisumu, mu burengero bwa Kenya
Abantu babiri baguye mu myiyerekano iriko irabera mu gisagara ca Kisumu biyamiriza akanama kajejwe gutegura amatora aho abayirimwo bakoresheje ama pneu mu kugara amabarabara
Abari muri iyo myiyerekano bipfuza ko abagize ako kanama bahinduka.
Igipolisi carashe mu kirere mu gushiragiza abantu bariko bagenda bagana ibiro vy'akanama kajejwe gutegura amatora mu gisagara ca Kisumu, nk'uko uwabibonye yabibwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters.
"Turemeza ko abantu babiri ari bo bishwe barashwe," uko ni ko Dennis Onyango, umuvugizi w'abatavuga rumwe na reta Raila Odinga, yavuze.
Vyitezwe ko Odinga ahiganwa na prezida Uhuru Kenyatta mu matora ategekanijwe mu mwaka uza.
Yipfuza ko abagize akanama kajejwe gutegura amatora bahinduka ngo kuko bafise aho begamiye.
Iyo midurumbanyo yabaye mu gihe umukuru w'igipolisi muri ico gisagara yari yagabishije abantu ko batohirahira ngo bitabe iyo myiyerekano.