Ingabo za Nigeria zishe abantu 17 i Biafra

Igisirikare ca Nigeria kiragirizwa kwica abantu bo mu bwoko bw'aba Biafra
Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Amnesty International ryagirije reta ya Nigeria kwica abantu bo mu bwoko bw'aba Biafra kandi ata birwanisho bitwaje.
Mu cegeranyo cashikirijwe ibimenyeshamakuru, iryo shirahamwe rivuga ko abantu 17bishwe abandi mirongo itanu barakomereka igihe abanywanyi b'umugwi umwe ushaka ko ako karere kigenga bariko baragira imisi mikuru mu gisagara ca Onitsha, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Nigeria mu kwezi guheze.
Ishirahamwe rya Amnesty International risaba reta ya Nigeria gutanguza amatohoza kubivugwa ko abayoboke b'umugwi w'aba Biafra, batari bitwaje ibirwanisho bishwe, no gushikana mu butungane ababikoze.
Iryo shirahamwe ryavuze ko ryegeranije ivyemezo ko abasirikare ba Nigeria barashe abo bantu bo mu mugwi ushaka kwiyonkora w'aba Biafra IPOB, hamwe n'abandi bantu bariko barihitira mw'ibarabara.
Ryavuze ko kandi mu matohoza bagize hari abandi bantu 17 bishwe abandi mirongo itanu barakomereka.
Igisirikare ca Nigeria cabihakanye kibicishije ku cegera c'umuvugizi waco Col Ha Gambo
Amnesty International isaba ko reta igira amatohoza kuri ubwo bwicanyi
Col Gambo yavuze ko ico cegeranyo kidafise ishingiro, kandi ko ako karere kari kageramiwe no kwigarurirwa n'abarwanyi biyitirira idini rya Islam.
Abantu barenga umuliyoni baritavye Imana hagati y'imyaka 1967-79 baguye mu ntambara yahuza reta n'aba Biafra bashaka kwiyonkora ku gihugu ca Nigeria.
Imishamirano yasubiye gutangura mu mwaka uheze.