Intambara ku rubibe hagati ya Ethiopia na Erithrea

Ethiopia soldiers
Insiguro y'isanamu,

Ibihugu vya Ethiopia na Erithrea biriko biragwanira urubibe bihana

Erithrea yagiriza Ethiopia kugira ibitero ku rubibe bisangiye ruri mu matati, ariko Ethiopia nta co irabivugako.

Intambara zadutse ku w'Imana mu karere ka Tsorona, hagati na hagati mu karere karimwo ibirwanisho vyinshi.

Ababa ku ruhande rwa Ethiopia bavuze ko bumvise induru y'amasase kandi ko babonye abasirikare benshi n'ibigwanisho bikomakomeye kuri urwo rubibe.

Amasezerano y'amahoro yo mu 2000 ni yo yarangije intambara y'imyaka ibiri yahuza ivyo bihugu bibiri, ariko ntiyigeze ashirwa mu bikorwa yose.

Iyo ntambara yatewe n'impari z'urwo rubibe nyene yahitanye ubuzima bw'abantu boba bashika 80,000.

Ethiopia "yagize ibitero ku rubibe rwa Erithrea mu karere ka Tsorona Central Front. Icabitumye n'ico batumbereye ntibiramenyekana," ni ko reta ya Erithrea yavuze mw'itangazo rigufi yasohoye mu musi w'Imana mw'ijoro.

Insiguro y'isanamu,

Ibigeme bo muri Erithrea baragize uruhara mu ntambara zagiye zirahuza ico gihugu na Ethiopia

Ntiryavuze igitigiri c'abamaze kuhasiga ubuzima.

Umushikiranganji wa Ethiopia ajejwe kumenyesha amakuru, Gatechew Reda, ubu atari mu gihugu, yabwiye BBC ko atazi ivyerekeye iyo ntambara.