Abashingamateka 6 bahagaritswe muri Kenya
Abashingamateka batandatu muri Kenya baritaba sentare bagirizwa gukwiragiza amajambo abiba urwanko.

Ahavuye isanamu, Reuters
Abashingamateka batandatu bahagaritswe muri Kenya bagirizwa amajambo abiba urwanko
Bivugwa ko ku musi w'Imana, umushingamateka umwe yegamiye urunani rw'imigambwe iri ku butegetsi yoba yahamagariye abantu kwica uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, akaba ari n'umukuru w'urunani rutavuga rumwe na reta muri Kenya, Raila Odinga.
N'abashingamateka batavuga rumwe na reta baravuze amajambo nkayo.
Umushikirizamanza yabwiye abamenyeshamakuru ko igipolisi kizohagarika uwo wese akwiragiza amajambo abiba urwanko.