Umupfasoni wa Omar Mateen ashobora guhanwa

Orlando mourners

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Ikigandaro kubaguye i Orlando kirabandanya

Umupfasoni w'umugabo yitwaje inkoho yishe abantu 49 mu nzu yo kwidagaduriramwo mu gisagara ca Orlando ashobora kwagirizwa kugira uruhara muri ico gitero, nk'uko inkuru zibivuga.

Abashikirizamanza basavye hoba amatohoza kuri Noor Salman, umugore wa Omar Mateen, nk'uko inkuru zashikiriye Fox News na Reuters zibivuga.

Yabwiye igipolisi ko yagerageje kuvugana n'umugabo wiwe ngo areke ico gitero co kuri Pulse.

Ico gitero co mu ntara ya Florida ni co gihitanye abantu benshi muri kahise ka hafi ka Amerika.

Abantu 53 barakomeretse, batandatu bakaba bababaye cane.

Fox News yavuze ko umushikirizamanza ariko ararondera kwagiriza Noor Salaman yagize uruhara mu rupfu rw'abantu 49 hamwe no kugerageza kwica abantu 53, hamwe no kudatanda inkuru ku bategetsi zerekeye ico gitero cariko kiraba.

Bishoboka ko Mateen yahamagaye umugore wiwe yamaze kwinjira muri ubwo bunywero, yamaze no gutangura kwica abantu, nk'uko inkuru ziva kuri Fox zibivuga.