MSF ntizosubira kwakira imfashanyo ya EU

MSF worker Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption MSF ntizosubira kwakira imfashanyo y'ibihugu vya EU kubera politike yavyo yo gusubiza abimukira inyuma

Ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe MSF rivuga ko ritazosubira kwakira imfashanyo ya EU kubera politike y'abo y'abimukira.

MSF yiyamiriza amasezerano ishirahamwe ry'ibihugu vya Buraya bagiriraniye n'igihugu ca Turkia yo gusubiza inyuma abimukira bajabutse ibahari baja mu gihugu ca Grece bakoresheje ubwato buto buto.

Igitigiri c'abimukira, benshi bahunga intambara ibera muri Syria, baja mu bihugu vya Buraya ni kinini cane kuva habaye intambara ya kabiri y'isi yose.

MSF ryahawe imiliyoni 63 z'amadolali n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya hamwe n'ibihugu birihurikiyemwo mu mwaka uheze.

"MSF yamenyesheje uyu musi ko itazosubira kwakira imfashanyo ya EU hamwe n'iyo ibihugu bigize iryo shirahamwe, mu kwiyamiriza amategeko ateye isoni, no kwongereza inguvu mu gusubiza inyuma abantu babakura i Buraya," ni ko iryo shirahamwe ryabivuze mw'itangazo ryasohoye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter
Image caption Twitt ya MSF yiyamiriza iyo mfashanyo

Ishirahamwe MSF rivuga ko Uburaya bukeneye guhindura inyifato bukareka politike yo gusubiza abantu inyuma ahubwo bakabakingira kandi bakabafasha.

Jerome Oberrit, umunyamabanga mukuru wa MSF yavuze ko ayo masezerano ateye kubiri n'amategeko yo kugarukira abantu bari mu kaga.

"Ibi n'ibintu biteye isoni ku mpunzi ziri i Buraya," n'uko yavuze.

MSF yavuze ko ata mugwayi n'umwe wabo iyi ngingo izogirako ingaruka, bavuga ngo"tuzokoresha amahera yateguriwe kwikorako vyihuta kugira akazi kacu kabandanye".