Igitigiri kinini c'impunzi kitari bwaboneke kw'isi

refugee

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

UNHCR ivuga ko ubu hari impunzi imiliyoni 65 kw'isi

Ishami rya Onu rifasha impunzi kw'isi HCR rivuga ko igitigiri c'impunzi kigeze ku miliyoni 65, igitigiri kitari bwigere gishika na rimwe.

Mu cegeranyo c'iryo shirahamwe gisohoka buri mwaka cerekana abantu bataye izabo, UNHCR ivuga ko, gushika mu mpera z'umwaka uheze, abantu barenga imiliyoni 65 kw'isi ni impunzi, canke umuntu umwe ku bantu 113 ni impunzio, umwimukira canke uwateshejwe ivyiwe aba hagati mu gihugu.

Icegeranyo ca ONU ku mpunzi

65.3m

ni impunzi, abasaba ubuhingiro canke abateshejwe izabo, ni ukuvuga

1 kuri 113

vy'ababa kw'isi.

  • 12.4m ni abaherutse guteshwa izabo n'intambara canke itotezwa mu 2015.

  • 24 ni bo buri munota vyabaye ngombwa ko bahunga mu 2015.

  • 54% vy'impunzi bava mu bihugu 3: Syria, Afghanistani na Somalia.

  • Icakabiri c'izo mpunzi zose ni abana bari munsi y'imyaka 18.

Igice c'izo mpunzi zose n'ico mu bihugu vya Syria, Ahghanistan na Somalia.

Ahavuye isanamu, UNHCR

Insiguro y'isanamu,

Abarenga igice c'izo mpunzi bava mu bihugu vya Syria, Afghanistan na Irak

Ishirahamwe mpuzamakungu Onu rivuga ko, amareta yo kw'isi ategerezwa kwishira hamwe no gushigikirana kuvyerekeye ico kibazo, atari gusa kuvyerekeye impunzi, ahubwo ku kibazo nyamukuru co gukingira ababa kuri iyi si.