Senat yanse umugambi wo kugenzura ibirwanisho

Ahavuye isanamu, EPA
Senator Chris Murphy (hagati) yavuze ko senat idashobora gukwega ibirenge ku vyiyumviro no ku karanga k'abanyamerika
Inama nkenguzamateka ya Amerika yanse umugambi wo kugenzura ibirwanisho, harimwo no kubuza kugurisha ibirwanisho ku bantu bari ku rutonde rwabikekwako iterabwoba.
Integuro z'itegeko zine zari zashikanywe imbere y'inama nkenguzamateka inyuma y'aho abantu 49 biciwe mu gitero cabereye ku nzu yidagaduriramwo abakundana basangiye igitsina mu ntara ya Florida.
Ariko abademokrate n'abarepublicain bose batoye aho imigambwe y'abo ihagaze, bagenda baburizamwo kuri buri ruhande integuro bari azanye.
Abakenguzamateka ntibumvikana na gato uko boburizamwo mwene ivyo bitero muri kazoza.
Umukenguzamateka John Cornyn yavuze: "Aba bagenzi bacu bashaka kuvuga ivyerekeye kugenzura ibirwanisho kandi ahubwo twategerezwa kuraba uko tworwanya ivyiyumviro bibi vy'idini rya Islam, kuko ari vyo muzi w'ivyabaye i Orlando."
Ahavuye isanamu, Reuters
Igitero cahitanye abantu 49 catumye haba kwiga itegeko rijanye no gutunga ibirwanisho mu nama nkenguzamateka
"Mu nzira nyinshi, bagenzi banje bashaka kuvura ibimenyetso vy'ingwara batagwanije ingwara ubwayo."
Ku ruhande rwabo, umukenguzamateka w'umudemokrate Barbara Mikulski yavuze: "Gute barinda kudusaka bikomeye imbere yo kwinjira mu ndege mu kwikingira ibitero vy'iterabwoba, ariko ntibagenzure neza abari ku rutonde rw'abashobora kugira ibitero vy'iterabwoba kugira ntibahabwe uburenganzira bwo kugura ibirwanisho?"