Bemba ahanishijwe igipfungo kubera ivyaha vyo mu ntambara

Ahavuye isanamu, EPA
Jean Pierre Bemba yahanishijwe igihano co gupfungwa imyaka 18
Uwahoze ari umukuru w'abagwanyi Jean Pierre Bemba yahanishijwe gupfungwa imyaka 18 na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, kubera ivyaha vyo mu ntambara no gufata abagore ku nguvu.
Bemba yagirijwe mu kwezi kwa gatatu ivyaha yakoreye mu gihugu kibanyi ca Centrafrique mu 2002 na 2003.
Yagirijwe kuba atabuje abagwanyi biwe kwica no gufata abagore ku nguvu.
Ababuranira Bemba bari bamaze kumenyesha ko bazunguruza.
Bemba, yigeze kuba icegera c'umukuru w'igihugu ca RDC, yari arongoye umugwi w'abagwanyi ba MLC mu gihe c'intambara yabaye muri ico gihugu.
Ni umuhungu w'umugwizatunga akomeye, yigeze no kuba akorana n'uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Congo Mobutu Sese Seko.
Inyuma y'amasezerano yo kurangiza intambara muri RDC mu 2003, yarashize ibirwanisho hasi aja muri reta mfatakibanza.