Perriello arasaba abarundi gushira imbere ibiganiro

Thmoas Perriello
Insiguro y'isanamu,

Intumwa idasanzwe ya Amerika mu karere k'ibiyaga binini yasavye abarundi gushira imbere ibiganiro mu matati barimwo

Intumwa idasanzwe ya Amerika mu karere k'ibitaga binini, Thomas Perriello, uyu musi yarangije urugendo rw'imisi ibiri mu Burundi, aho yasavye impande zose gushira imbere ibiganiro.

Thomas Perriello, yarabonanye n'abaserukira reta, amashirahamwe ata ho yegamiye muri muri politike, abaserukira Onu hamwe n'ibihugu vyabo kugira bavugane ivyerekeye ibibazo vya politike n'umutekano bivugwa muri ico gihugu.

Iyo ntumwa yamenyesheje ko Amerika ishigikiye ibiganiro vyatanguye mu gihugu ca Tanzania bihuza abarundi bose bihagarikiwe n'uwahoze ari prezida wa Tanzania Benjamin Mkapa.

"Twemera ko ari yo nzira yonyene nziza kandi kandi irashe yo kugarukana amahoro no gutorera inyishu aya matati", uko ni ko Perriello yavuze mw'itangazo yashikirije arangije urugendo rwiwe.

Iyo ntumwa kandi icuga ko yabonanye n'umushikiranganji w'umutekano mu gihugu, Gen Alain Guillaume Bunyoni, baravugana ibibazo bijanye n'ibiganiro, ukudahana hamwe n'agateka ka zina muntu.

Ikindi bavuganye, ni inkurikizi z'umutekano muke kubutunzi bw'igihugu.

Yagarutse no ku kibazo c'abanyeshure bapfunzwe bazira kwonona ifoto y'umuru w'igihugu mu bitabo vy'ishure.

Thomas Perriello asaba impande zose kureka gukoresha inguvu bakitabira inzira y'ibiganiro.