Ubwongereza bwemeje kuva muri EU

uk
Insiguro y'isanamu,

Ibice 52% vy'abitavye amatora ya kamarampaka y'Ubwongereza yo kuva mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa buraya bemeje kuva muri iryo shirahamwe

Ibice 52 kw'ijana vy'abongereza bitavye amatora ya kamarampaka bemeje ko ico gihugu cova muri EU cari kimazemwo imyaka 43.

Abantu baba mu gisagara ca Londres na Scotland ni bo bitavye amatora ari benshi bemeza kuguma muri EU.

Abaraba ibintu n'ibindi muri politike bafise amakenga ku nkurikizi z'uko Ubwongereza buvuye muri iryo shirahamwe ku masoko, muri politike i Buraya no mu bindi bihugu.

map
Insiguro y'isanamu,

Abatoye ko Ubwongereza buva mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya ni bo batsinze

Ifaranga rya Euro ryaduze kw'isoko ry'amafaranga mu gihe ipawundi ribandanya kumanuka, kikaba ari ikimenyetso ko abadandaza bari biteze ko Ubwongereza buguma mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya.

Gushika ubu, ni intara zike gusa hataramenyekana ivyavuye muri ayo matora, bikaba bigaragara ko abashaka ko Ubwongereza bugumayo n'abashaka ko buvamwo bari babangabanganywe.