Osborne: Ubwongereza buracakomeye mu butunzi

George Osborne

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu,

Osborne yavuze ko hari ubushobozi bwo kwikingira ivyoshika vyose

Umukuru wa banke nkuru y'Ubwongereza, George Osborne yavuze ko ubwongereza bwiteguriye guhangana na kazoza bukomeye kandi ko atacotuma bihuta gutora ayandi mahera reta ikoresha.

Yavuze ko bizoguma bikenewe ko "isubirwamwo" ry'ubutunzi bw'Ubwongereza.

Ariko hazoba hari ibibazo mu kurindira umushikiranganji wa mbere mushasha, imbere y'uko hafatwa ingingo nk'iyo.

Yavuze kandi ko gusa Ubwongereza bushobora gutangura umugambi wo kuva muri EU hakurikijwe ingingo ya 50 y'amasezerano ya Lisbon.

Uwo mushikiranganji yavuze ivyo mw'ijambo ryari rigenewe guha icizere amasoko y'amafaranga inyuma y'aho gutora kuva muri Eu vyatumye akora ahomba ku musi wa gatanu.