Ubutare bwa gaz yo mu bwoko bwa Helium muri Tanzania

Abahinga bavuga ko batoye gaz nyinshi yo mu bwoko bwa Helium mu gihugu ca Tanzania
Inyuma yo gutora gaz n'inzahabu ubu na ho abahinga bo mu gihugu c'ubwongereza batoye gaz nyinshi yo mu bwoko bwa Helium muri Tanzania.
Abakora ubushakashatsi bo mu makaminuza ya Oxford na Durham bafashanije n'abahinga muvyo ubutare bo ku gihugu ca Norvege, batoye ahari imiliyaridi 54 za metero kibe (metre cube), vy'iyo gaz nk'uko vyamenyeshejwe.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakru mu gihugu ca Japon, abo bahinga bavuze ko ibura ry'iyo gaz kw'isi, ryari ryateye ubwoba na cane cane ku baganga bayikoresha mu mashini zizwi kw'izina rya " Scanners", uretse n'uko ari na nkenerwa mu bikorwa vya nucleaire hamwe no mu bundi buhinga.
Mu mwaka wa 2010, hari uwaronse agashimwe kitiriwe Nobert yari yagabishije ko iyo gaz igiye guhera kw'isi.
Iryo bura ryari ryatumye abahinga basaba ko hoba amategeko yo kugabanya uko iyo gaz ikoreshwa mu bintu bidakenewe cane.
"Gaz twatoye muri Tanzania ishobora kuzuza ibikono vya gaz imiliyoni imwe n'ibihumbi amajana abiri vy'imashini ya MRI" nk'uko vyamenyeshejwe na Chris Ballentine wo kuri kaminuza ya Oxford.