Abantu 36 biciwe mu gitero c'ubwiyahuzi muri Turkia

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igihugu ca Turkia kivuga ko umugwi wa Islamic State ari wo uri inyuma y'ivyo bitero
Abantu 36 biciwe mu gitero c'ubwiyahuzi ku kibuga c'indege ca Istanbul mu gihugu ca Turkia, abandi barenga 100 barakomereka.
Igikorwa co gutwara abantu n'ibintu kuri ico kibuga c'indege cahagaze mu gihe bariko baratabara banafasha abakomeretse.
Umukuru w'igisagara ca Istanbul yemeje ko abo bantu 32 bapfuye n'abandi bakomeretse.
Ababibonye bavuga ko, babonye abantu batatu, umwe muri bo akaba yariko ararasa imbere yo kwiturikirizako bombe aca arapfa.
Ivyo bitero vyabereye ku muryango wo kwinjira ku kibuga c'indege.
Umukuru w'igihugu ca Turkia, Recep Tayyip Erdogan yiyamirije ivyo bitero, asaba hoba ugufatana mu nda mu kubigwanya.
Ahavuye isanamu, Reuters
Ingenzi zava kuri ico kibuga c'indege n'amaguru zitekewe n'ubwoba
Igihugu ca Turkia kirageramiwe n'ibitero vy'iterabwoba biva ku mpande zibiri, ubwa mbere ibigirwa n'abagwanyi b'umugwi wa Islamic State baza bava mu gihugu ca Syria, hamwe rero n'umugwi w'aba Kurde bashaka kwiyonkora kuri ico gihugu.
Ahavuye isanamu, AFP
Igipolisi caciye kizibira inzira zose zo ku kibuga c'indege
Ahavuye isanamu, Reuters
Mu nyuma hatowe inkoho ya Kalashnikov ahabereye ubwo bwicanyi
Ahavuye isanamu, Reuters
Imodoka zitwara abarwaye zariko ziranyuragiranwa zija ku kibuga c'indege inyuma y'ivyo bitero
Ahavuye isanamu, EPA
Igitigiri kitari gito c'abakomeretse caciye kijanwa mu bitaro vyo mu micungararo y'ikibuga c'indege