Abarwanya reta ya Syria bimirije gufata Albu Kamal

NSA forces Uwufise ububasha kw’isanamu NEW SYRIA ARMY
Image caption Umuhari wa New Syrian Army werekanye amafoto yerekana abasirikare b'ayo hagufi y'igisagara ca Albu Kamal

Abarwanya reta ya Syria n'ibigwanisho bashigikiwe na Amerika bariko barasatira igisagara ca Albu Kaml kiri ku rubibe bihana na Irak kiri mu minwe ya IS.

Itangazo ry'umugwi wa New Syria Army rivuga ko bamaze kwigarurira ibirindiro bitari bike vya IS mu micungararo y'igisagara ca Albu Kamal, bari bigaruriye mu 2014.

Abo bagwanyi baheruka kwigarura ikibuga c'indege ca gisirikare kiri hagufi y'ico gisagara bafashijwe n'ibitero vy'indege vy'urunani rw'ibihugu birongowe na Amerika.

Ivyo bitero vyatanguye ku musi wa kabiri, bifise intumbero yo kuzibira ibarabara rifatanya uturere IS yigaruriye muri Syria no muri Irak.

NSA ivuga ko muri ivyo bitero bari kumwe na n'ingabo za Irak, bategerereye ku rubibe rwabo ku rundi ruhande.