Sentare nkuru yanse ivyavuye mu matora muri Autriche

high court judges
Insiguro y'isanamu,

Sentare nkuru ya Australia yafuse ivyavue mu matora yo mu kwezi guheze aho umugambwe wa Freedom Party wari watsinzwe

Sentare nkuru ya Australia yafuse ivyavue mu matora yo mu kwezi guheze aho umugambwe wa Freedom Party wari watsinzwe.

Uwo mugambwe warahakanye ivyayavuyemwo, uvuga ko hari amatora yibwe.

Uwaserukira Freedom Party muri ayo matora, Norbert Hofer, yatsinzwe n'uwahoze arongoye umugambwe wa Green(Vert), Alexander Van der Bellen, amurushije amajwi adashikana igice kimwe kw'ijana.

Ubu amatora agiye gusubirwamwo.

Mu gihe yotorwa, Hofer azoba abaye umutegetsi wa mbere wa extre-droite w'igihugu kiri muri EU.

Kubera ingingo ya sentare yo gusubiramwo amatora, prezida Heinz Fischer azoba arasubiriwe vy'agateganyo n'abashingamateka batatu, harimwo na Hofer.