Portugal igiye mu gice ca kabiri gishira ica nyuma

Portugal vs Poland Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Pologne na Portugal batandukanijwe na penalty inyuma y'iminota 120 banganya igitego 1-1

Portugal yaraye ironse uburenganzira bwo kuja muri kimwe ca kabiri c'ihiganwa rya Euro 2016 inyuma yo gutsinda Pologne.

Ubaye umugwi wa mbere utsindiye kubandanya muri ico gice inyuma yo gutsinda pologne kuri penality 5-3.

Iminota 120 yarangiye iyo migwi ibiri inganya 1-1.

Robert Lewandowski yatsinze igitego ca mbere ca Pologne hakiri kare cane, ku munota wa gatatu urukino rugitangura, imbere y'uko Renato Sanchez akigombora.

Ricardo Quaresma yabaye intwari ku mugwi wiwe inyuma yo kwinjiza penalty ya nyuma yatumye babandanya ihiganwa, mu gihe Jakub Blaszczykowski yahushije penality ku ruhande rwa Pologne.

Mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, Portugal izohura nuwuzoba yatsinze hagati ya Pays de Galles n'Ububiligi.