Israel yis'urugendo rwa Netanyahu 'gusubira muri Afrika'

Igishusho ca Yonatan Netanyahu, yaguye mu gitero c'aba Israel ku kibuga ca Entebbe

Ahavuye isanamu, Reuters, James Akena

Insiguro y'isanamu,

Abakobwa bariko bihindura impande y'igishusho ca Yonatan Netanyahu, yari mu ba komando ba Irsrael yaguye mu gitero co kubohoza indege i Entebbe, yavukana na Benjamin Netanyahu.

Benjamin Netanyahu ahera urugendo rwiwe muri Uganda, aho ruhuriranye no kwibuka imyaka 40 irangiye habaye igitero co kubohoza indege yarimwo abanya Israel yanyurujwe ikagwishwa ku kibuga ca Entebbe.

Iyo ndege yari ivuye muri Israel ija mu Bufaransa.

Nta mushikiranganji wa mbere wa Israel yari aherutse muri Afrika.

Uyu munsi aza kubonana n'abategetsi b'ibihugu vya Uganda, Kenya, Rwanda, Ethiopia, Zambia, Sudani y'epfo kumwe n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Tanzania.

Israel ifata urwo rugendo nko "gusubira ku mugabane wa Afrika".