Umwana w'imyaka 10 afise ibiro 188

Arya Permana afise kg 188
Image caption Arya Permana yashizwe ku bifungurwa vyihariye kubera ibiro vy'umurengera

Arya Permana, afise imyaka cumi gusa, yashizwe ku bifungurwa vyomufasha kuremurukwa.

Abavyeyi biwe bavuga ko bafise ubwoba kubera ibiro afise.

Umuganga w'umuryango wiwe, uba mu gisagara ca Karawang, yahanuye abavyeyi kumuha ibifungurwa birwiriyemwo imboga.

Arya Permana, yari afise ibiro 192, ubu amaze kugabanuka kugera kuri kg 188.

Yamara umwanya munini akina kuri tablette, yicaye muhira.