Abapolisi batanu bishwe muri Amerika

Ahavuye isanamu, AP
Abapolisi bane bo mu gisagara ca Dallas, mu gihugu ca Amerika barashwe igihe hariko haraba imyiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi bukorerwa abirabure.
Abapolisi batanu bo mu gisagara ca Dallas, mu gihugu ca Amerika barashwe abandi indwi barakomereka igihe hariko haraba imyiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi bukorerwa abirabure.
Abapolisi bari muri ico gisagara kiri mu ntara ya Texas, bavuga ko ubwo bwicanyi bwakozwe n'abantu babiri barasa binyegeje.
Igikorwa co kurondera abo bantu kiracabandanya nk'uko bimenyeshwa n'umukuru w'igipolisi wo muri ico gisagara ca Dallas, David Brown.
Abandi bapolisi indwi bakomeretse nk'uko bimenyeshwa na Brown.
Babiri baciye bababaga vyihuta, mu gihe uwundi aremvye cane.
Ahavuye isanamu, AFP
Iyo myiyerekano yari iyo kwiyamiriza iyicwa ry'abirabure babiri
Iyo myiyerekano yatewe n'iyicwa ry'abirabure babiri, Philando Castille wo mu ntara ya Minnesota hamwe na Alton Sterling wo mu karere ka Baton Rouge, mu ntara ya Louisiana.