Ubuhinga bwo kwikingira misile muri Korea y'epfo

Ahavuye isanamu, Reuters
Amerika na Korea y'epfo bumvikanye kw'ikoreshwa ry'ubuhinga bwa THAAD bwo kwikingira misile
Amerika na Korea y'epfo bumvikanye kw'ikoreshwa ry'ubuhinga bwa THAAD bwo kwikingira misile kubera ukugeramirwa na Korea ya ruguru.
Ubwo buhinga bwa THAAD buzoshirwaho kugira gusa bikingire ingorane zova muri Korea ya ruguru, nkuko biri mw'itangazo.
Ntibiramenyekana aho ubwo buhinga buzoshirwa n'uwuzoba afise ijambo rya nyuma mu kubukoresha.
Ibiganiro vyatanguye mu kwezi kwa kabiri inyuma y'aho Korea ya ruguru irasiye misile zishika kure, ariko Ubushinwa bwagumye bwiyamiriza irungikwa ry'ubwo buhinga muri Korea y'epfo.
Ubuhinga bwa THAAD bushobora kubona misile za Korea ya ruguru no kuzikorora, ariko Ubushinwa buvuga ko ivyo bishobora kubangamira inyungu z'ibihugu biri muri ako karere.