Ibiganiro vy'abarundi biratangura canke ntibitangura?

Abahoze bategeka Uburundi (kuva i bubamfu uja i buryo): Ndayizeye Domitien, Pierre Buyoya na Sylvestre Ntibantunganya bari i Arusha
Intumwa nka zose zifise uruhara mu matati abera mu Burundi zamaze gushika mu gisagara ca Arusha, mu gihugu ca Tanzania, ahategekanijwe kubera ibiganiro ariko ntibiratangura.
Intumwa z'umuhari CNARED hamwe n'amashirahamwe amwe amwe, reta yamye ivuga ko idashobora kwicarana na zo, zaratumiwe muri ivyo biganiro.
Hari uruja n'uruza rw'intumwa zitandukanye, binjira bongera basohoka mu biro vy'umuhuza.
Abashikiranganji Alain Nyamitwe na Pascal Barandagiye ni bo bari baserukiye reta mu biganiro vya mbere vy'i Arusha
Inkuru zitaremezwa neza zikaba zivuga ko hariho bamwe mu bitavye ivyo biganiro reta itarota yicarana na bo.
Umugambwe MSD, urongowe na Alexis sinduhije, waraye usohoye itangazo, aho wamenyesheje ko utazitaba ivyo biganiro kuko vyakumiriye bamwe mu bategerezwa kubijamwo.
Bamwe mu ntumwa z'imigambwe bari bitavye ibiganiro vyaheruka kw'itariki 23 ukwezi kwa gatanu mu 2016
Ibiganiro vya mbere vyari vyabaye itariki 23 ukwezi kwa gatanu mu 2016.
Umuhari CNARED ntiwari wavyitavye, wiyamiriza kuba utatumiwe nk'umugwi umwe.
Zimwe mu ntumwa za CNARED i Arusha
Itariki 11 ukwezi kwa gatandatu, umuhuza, prezida Benjamin Mkapa, yarahuye n'abategetsi ba CNARED mu gisagara ca Bruxelles mu Bubiligi, abemerera ko agiye gutorera inyishu ibibazo bashikirije.