Ronaldo yararushije Messi amahera yaronse mu 2015

Ahavuye isanamu, Reuters
Christiano Ronaldo ni we yinjije amahera menshi mu mwaka wa 2015
Christiano Ronaldo ni we mukinyi wa mbere aronka amahera menshi kw'isi nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru ca Forbes.
Ronaldo yashizwe ku rutonde rw'abantu bane, akaba yaronse amadolali imiliyoni 88.
Messi, umukinyi wa mbere kw'isi wo muri Argentine akinira umugwi wa Barcelone, aherutse gucibwa urubanza rwo gupfungwa amezi 21 kubera kutariha ikori, ari mu kibanza c'umunani n'amadolali imiliyoni 81.5.
Umuririmvyi rurangiranwa wo muri Amerika Taylor Swift ni we aza mu kibanza ca mbere.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuririmvyi rurangiranwa wo muri Amerika Taylor Swift ni we aza mu kibanza ca mbere.
Iwo muririmvyi yaronse amadolali imiliyoni ijana na mirongo umunani ($170m) mu mwaka uheze.
Uwundi muhinga mu tugenegene two gutwenza, na we nyene wo muri Amerika, Kevin Hart, na we ari kuri urwo rutonde.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu mwaka uheze, ikinyamakuru kizwi cane kw'isi ca Forbes canditse ko Hart yaronse amadolali imiliyoni 87.5.
Mu mwaka uheze, ikinyamakuru kizwi cane kw'isi ca Forbes canditse ko Hart yaronse amadolali imiliyoni 87.5.
Umuririmvyi wo mu Bwongereza, Adele, yamenyekanye cane ku ndirimbo yiwe "hello" ari mu kibanza 9.
Ahavuye isanamu, AFP
Lionel Messi aza mu kibanza c'umunani n'amadolali imiliyoni 81.5
Adele yaronse amadolali imiliyoni 80.5.
Uru ni rwo rutonde rw'abaronse amahera menshi mu mwaka wa 2015
1. Taylor Swift - $170m (£130m)
2. One Direction - $110m (£84.6m)
3. James Patterson - $95m (£72.3m)
4. Cristiano Ronaldo - $88m (£67m)
6. Kevin Hart - $87.5m (£66.6m)
7. Howard Stern - $85m (£65.4m)
8. Lionel Messi - $81.5m (£62.1m)
9. Adele - $80.5m (£61.9m)
10. Rush Limbaugh (US ) - $79m (£60.1m)