Prezida Obama yasavye Amerika kutihebura

President Obama hugging police officer

Ahavuye isanamu, Alamy

Insiguro y'isanamu,

Prezida Barack Obama yateye akamo Amerika kureka kwihebura igihe yariko arunamira abapolisi bishwe mu bitero vy'i Dallas.

Prezida Barack Obama yateye akamo Amerika kureka kwihebura igihe yariko arunamira abapolisi bishwe mu bitero vy'i Dallas.

Yavugiye mu gisabisho co kubibuka cabereye muri ico gisagara ko Amerika itegerezwa kurondera icoyunga mu gihe iri mu kababaro.

Urwo rugendo rubaye mu gihe hari imishamirano y'amacakubiri afatiye ku rukoba hirya no hino mu gihugu.

Micah Johnson yishe abapolisi i Dallas mu gihe hariko haraba imyiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi bw'abapolisi bwahitanye abirabure b'i Minnesota na Louisiane.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Uwahoze arongoye Amerika George Bush yiyamirije ubwicanyi bw'abo bapolisi

Imbere y'uko yicwa n'igipolisi, yavuze ko yababajwe n'ubwo bwicanyi.

Hagati aho, imyiyerekano yo kwiyamiriza inguvu z'umurengera zikoreshwa n'igipolisi ku birabure yarabaye mu bisagara vyinshi hirya no hino muri Amerika.

Ariko avugira mu kigo ca Morton H Meyerson Symphony mu gisagara ca Dallas ku musi wa kabiri, prezida Obama yasavye igihugu cose kutihebura.

Abanyamerika bariko baragwa inzuka n'ivyabashikiye mu ndwi iheze, kandi biboneka ko vyerekanye "ikosa ku murongo wa demokrasi yacu".

"Ndi ngaha kugira mvuge ko dutegerezwa kugwanya ukwihebura. Ndi ngaha kugira mvuge ko tuticiyemwo ibice nk'uko biboneka."

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Ifoto z'abapolisi bishwe zari zashizwe imbere mu gisabisho co kubibuka

Yashimagije ubutwari bw'abapolisi aho yavuze ko abantu bake barize kubera ubutwari bw'abo bapolisi bishwe.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

habaye igiteramo co kwibuka abo bapolisi bishwe