Imihamirano ni myinshi hagati ya Ethiopia na Eritrea ku rubibe bihana
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Ibihugu vya Ethiopia na Eritrea birabana ayo ingwe

Erithrea na Ethiopia vyaragiranije kugira ibitero ku rubibe bisangiye ruri mu matati.

Intambara zaradutse mu karere ka Tsorona, hagati na hagati mu karere karimwo ibirwanisho vyinshi.

Ababa ku ruhande rwa Ethiopia bavuze ko bumvise induru y'amasase kandi ko babonye abasirikare benshi n'ibigwanisho bikomakomeye kuri urwo rubibe.

Amasezerano y'amahoro yo mu 2000 ni yo yarangije intambara y'imyaka ibiri yahuza ivyo bihugu bibiri, ariko ntiyigeze ashirwa mu bikorwa yose.