Umushingamateka wa EAC Hafsa Mossi yishwe arashwe

Hafsa Mossi

Ahavuye isanamu, HAFSA MOSSI/FACEBOOK

Insiguro y'isanamu,

Umushingamateka wa EAC Hafsa Mossi yishwe arashwe mu gisagara ca Bujumbura

Umushingamateka wa EAC, Hafsa Mossi yishwe mu gitero c'abantu bitwaje inkoho bataramenyekana mu gisagara ca Bujumbura.

Abamurashe bari mu modoka izwi kw'izina rya "T I", bamusanje kw'ibarabara ryitiriwe "Nyankoni" muri zone Gihosha, komine Ntahangwa.

Mu gipolisi c'Uburundi baremeza iyo nkuru.

Ku mbuga ziwe za facebook na twitter, umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi, Pierre Nkurikiye, avuga ko Hafsa Mossi yarashwe isaha 10:30 zo mu gitondo.

Ahavuye isanamu, Twitter

Insiguro y'isanamu,

Twiitt

Prezida Pierre Nkurunziza, ku rubuga rwiwe rwa twiiter, yateye ivyatsi abamugandaguye, avuga ko ari agahombo ku gihugu.

Umupfasoni Hafsa Mossi yahoze akorera radio BBC gisata c'igiswahili, imbere y'uko atahuka mu Burundi inyuma y'amatora yo mu 2005.

Yarabaye umuvugizi w'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza, araba umushikiranganji ajejwe akarere k'ubuseruko bwa Afrika (EAC), akaba yitavye Imana ari umunshingamateka wo muri iryo shirahamwe.