Pasitori Evan Mawarire yahamagaje iyindi myiyerekano

Evan Mawarire
Insiguro y'isanamu,

Pasitori Evan Mawarire, yarekuwe na sentare ya Harare ku wa gatatu yahamagaje iyindi myiyerekano

Pasitori Evan Mawarire wo muri Zimbabwe yari yahagaritswe mu ndwi iheze azira gutegura imyiyerekano, yahamagariye abantu kuyibandanya.

Evan Mawarire yabwiye BBC ko abantu bategerezwa kuguma mu mihana iwabo, nka kimwe mu bimenyetso vyo kwiyamiriza igiturire, ikoreshwa nabi ry'ubutunzi hamwe n'ibura ry'akazi.

Yavuze ko ivyo bikorwa biraba ihinduka ry'ibintu.

Pasitori Mawarire yarekuwe ku wa gatatu igihe sentere ya Harare yasanga urubanza rwiwe rudakurikije amategeko.