Theresa May aragena abandi bashikiranganji

New UK MP Theresa May
Insiguro y'isanamu,

Umushikiranganji wa mbere mushasha w'Ubwongereza, Theresa May

Umushikiranganji wa mbere mushasha w'Ubwongereza, Theresa May vyitezwe ko agena abandi bashikiranganji bashasha.

Uwo mushikiranganji wa mbere mushasha, yaraye agenye Boris Jihnson, yari imbere mu gusaba ko Ubwongereza buva mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, kuba umushikiranganji wa reta yiwe ajejwe imigenderanire n'amakungu.

Johnson yigeze kuba umukuru w'igisagara ca Londres, yavuze ko ubu Ubwongereza buronse akaryo ko kugirana imigenderanire mishasha n'Uburaya hamwe n'isi yose.

Mw'ijambo ryiwe rya mbere, amaze gushikira ubutegetsi, umushikiranganji wa mbere Theresa May yemeye ko igihugu c'Ubwongereza kigiye gutangura akazi gafise ibintu bishasha gatumbereye kandi bigifitiye akamaro.

Abandi bashikiranganji bamaze kugenwa harimwo uwo ubutunzi Philip Hammond, Amber Rudd ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu hamwe na David Davis ajejwe igikorwa co kuva mw'ishirahamwe rya EU.