Ibitero vyahitanye abarenga 80 mu Bufaransa

Ahavuye isanamu, AFP
Benshi mu bakomeretse bajanywe mu bitaro bihegereye
Abantu barenga 80 ni bivugwa ko bishwe mu gitero cabereye mu gisagara ca Nice mu bumanuko bw'Ubufaransa.
Ikamyo yariko iragenda yihuta cane ryinjiye mu mugwi w'abantu bari basamariye ibintu biturika batera mu kirere mu guhimbaza umusi mukuru wa Bastille.
Umushikirizamanza mukuru mu gisagara ca Nice, Jean-Michel Pretre yavuze ko iyo kamyo yabandanije igenda ibirometero bibiri imbere y'uko igipilisi kirasa uwari ayitwaye.
Bivugwa ko bayisanzemwo inkoho hamwe n'amabombe.
Ahavuye isanamu, AP
Imodoka yakoreshwe muri ivyo bitero
Ababa mu gisagara ca Nice, basabwe kuguma mu mihana yabo.
Prezida Francois Hollande yagarutse mu gisagara ca Paris kugira akoreshe inama vyihuta.
-
1. Intango
×Paddy Mullan, uwavyiboneye
'Iyi kamyo yuriye ku nkombe, itambuka ibarabara hakurya yacu, ico twumva kwari ukubomboranya, induru n'amaborogo
-
2. Abishwe
×Wassim Bouhlel, yaba muri Nice
'Yahushagiritse - ntiwabona aho yerekeza. Umugore wanje....yari nko ku metero...yapfuye'
-
3. Umushoferi yishwe
×Nader el-Shafei, uwabibonye
'Nakomeje kumusemerera, naya amaboko ndamusaba guhagarara... afata inkoho yiwe atangura kurasa kuri polisi
-
4. Abahungiye ku musenyi
×Roy Calley, umunyamakuru wa BBC
'Igihe nari mpindukiye, numvise ikintu gikubita, numva induru nyinshi...icakurikiye n'uko abantu bariko baruka ari benshi nayo polisi yerekeza aho vyabereye
-
5. Abariko barahunga
×Colin Srivastava, uwabibonye
'Twari twiyicariye imbere y'igisagarca kera ca Nice, tubona abantu isinzi biruka baza iyo turi bafise ubwoba cane.
Itegeko rishiraho ibihe bidasanzwe vyashinzwe kuva habaye ibitero vya Islamic State mu gisagara ca Paris, n'ubu riracariho.