Trump ni we azitoza mu matora ya Prezida muri Amerika

Donald Trump

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Umugambwe w'aba republicains wagenye Donald Trump kuwuserukira mu matora y'umukuru w'igihugu wa Amerika mu kwezi kwa cumi na rimwe

Donald Trump yagenywe guserukira umugambwe w'aba republicains mu matora y'umukuru w'igihugu muri Amerika, azoba mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Trump yashigikiwe n'intumwa zivuye mu ntara no mu turere twose twa Amerika, mu matora yo kwemeza uwoserukira umugambwe w'aba republicains muri ayo matora, mw'ikoraniro ry'uwo mugambwe ryabereye mu gisagara ca Cleveland.

Inyuma yo gutorwa ngo aserukire uwo mugambwe, Donald Trump yashimiye abamutoye abicishije ku rubuga rwa Twitter, umukuru w'intara ya Indiana, Mike Pence akaba ari we azoba icegera ciwe, mugihe yotahukana intsinzi.

Abana babiri ba Donlad Trump na bo nyene bashikirije ijambo muri iryo koraniro.