Trump yiyemeje guhagarika ubwicanyi muri Amerika

Ahavuye isanamu, Reuters
Donald Trump yavuze ko agiye guhangana n'ikibazo c'abimukira
Uwitoza mu kibanza ca prezida wa Amerika mu mugambwe w'aba republicains, Donald Trump, yiyemeje gutuza ubugizi bwa nabi muri ico gihugu, mu gihe yotahukana intsinzi mu kwezi kwa cumi na rimwe.
Igihe yariko arashikiriza ijambo mw'ikoraniro kaminuza ry'aba republicains ryo kumwemeza ngo azobaserukire, yavuze ko ata co ashobora gushikako igihe hatoba hari iyubahirizwa ry'amategeko.
Yiyemeje kandi gufata ingingo zikomeye zo kugwanya abinjira muri Amerika hadakurikijwe amategeko, avuga ko ubu abimukira binjira bakanaba muri ico gihugu hatitaweho umutekano w'abanyagihugu.
Trump yavuze ko aje kuvugira ba nyarucari hamwe n'abatagira ikibavugira muri Amerika, yiyerekana nk'umuntu ashimagizwa cane kurusha uwo bazohangana mu matora wo mu mugambwe w'abademokrate, Hillay Clinton, yavuze ko arangwa no kurya ibiturire no kudakora akazi neza.
Uwo mugwizatunga yavuze ko azohagarika ibikorwa vyo kubaka ibindi bihugu hamwe no guhindura intwaro mu kindi gihugu avuga ko ata ho vyashitse.
Yavuze ko, politike nk'iyo yabaye intango z'ingorane zirangwa muri Iraq, Libya, Misri na Syria.
Yiyemeje gufashanya akazi n'abanyamerika bose bipfuza kugwanya umugwi wa Islamic State.
Ahavuye isanamu, Reuters
Donald Trump yiyemeje gusubiramwo amasezerano y'ubudandaji Amerika ifitaniye n'ibindi bihugu
Yanebaguye Ubushinwa kuba bwiyitirira ivyakozwe n'abahinga b'abanyamerika, kandi ko ico gihugu cahinduye agaciro k'ifaranga gikoresha ku nyungu zaco.
Donald Trump kandi yiyemeje gusubira kwumvikana n'abo bafitaniye imigenderanire, ku masezerano y'ubudandaji, kugira Amerika kivyungukiremwo bimwe bigaragara.