Inzoga zishobora gutera ubwoko indwi bwa cancer

Ahavuye isanamu, EPA
Ubushakashatsi bwerekana ko hari ubwoko indwi bwa cancer buva kukunywa inzoga
Ubushakashatsi bwerekana ko hari isano riri hagati yo kunywa inzoga n'ubwoko indwi bw'ingwara ya Cancer.
Ubwo bushakashatsi, bwanditswe mu kinyamakuru "addiction" buvuga ko hari ibintu vyinshi bivyerekana.
Ubwoko bwa cancer basanze bufitaniye isano no kunywa inzoga, ni cancer yo ku munwa, iyo umuhogo, iyo akamirongo, igitigu, amara, ibere n'igiti c'umugongo.
Mu kwezi kwa mbere, uwurongoye igisata c'amagara y'abantu mu Bwongereza yavuze ko ata rugero rw'inzoga umuntu afata buri musi ruhari rutogeramira amagara yiwe.