Abantu 19 biciwe ahaba abagendana ubumuga mu Buyapani

Ahavuye isanamu, Reuters
Uwakoze igitero n'imbugita cahitanye abantu 19 mu Buyapani yaciye yishikana ku gipolisi
Abantu 19 bo mu kibanza kibamwo abagendana ubumuga mu gisagara ca Sagamihara, mu Buyapani, bazize igitero c'umuntu yitwaje imbugita, mu burengero bw'umugwa mukuru Tokyo.
Abandi bantu barenga 20 bakomeretse, benshi muri bo bakaba bababaye cane.
Inkuru ziva mu gihugu c'Ubuyapani zivuga ko umuntu umwe yakora akazi muri ico kibanza ca Tsukui Yamayuri-en, yaciye yishikana ku gipolisi araniyemerera ko ari we yabishe, ubu akaba yaciye ahagarikwa.
Uwo muntu azwi kw'izina rya Satoshi Uematsu, afise imyaka 26.
Igipolisi kivuga ko uwo yakoze ubwo bwicanyi yari yandikiye ikete umukuru w'inama nshingamateka mu kwezi kwa kabiri, avuga ko ashobora kwica abagendana ubumuga.
Yaravuriwe mu bitaro ariko mu nyuma aca ararekurwa.
Ibitero vy'imbugita hagati ya 2001 na 2008 vyahitanye abantu umunani.