Abapolisi b'Abarundi bahora muri Centrafrique bari gutahuka

Abapolisi b'Uburundi bava muri Centreafrique
Insiguro y'isanamu,

Uburundi bwari bufite abapolis muri Centrefrique, bufite n'ingabo muri Somaliya.

Ku gicamunsi co ku wa mbere hashitse 126 bazannwe n'indege ya Ethiopian Airlines. Abasigaye ku 280 bari bamaze umwaka n'amezi 10 aho muri Centrafrique baja gushika mw'ijoro.

Gusa ngo harasigarayo nk'abashika 10 bacungereye ibikoresho biremereye bizoza hanyuma.

Umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi Pierre Nkurikiye yavuze ko ''bakoze neza ibikorwa bari barungitswe gukora gushika n'aho abantu bose babishimye uhereye ku banyagihugu bo muri Centrafrique no ku mashirahamwe yabakoresha ariyo ONU na Union Africaine ariyo yatanguye kubajana.''

Ariko nta bandi bapolisi Uburundi bwimirije kurungikayo.

Insiguro y'isanamu,

Abapoli b'Uburundi ni bamwe mu ngabo LONI bashinzwe umutekano muri Centrefrique

Pierre NKurikiye ati: "Ivyo kubasubiriza n'ingingo ifatwa n'amashirahamwe yari yabasavye , ni yafata ingingo yo gusaba abandi, leta y'Uburundi izoheza ibishure''.

Mu kwezi kwa gatandatu LONI yavuze ko ata bapolisi b'abarundi yifuza kubandanya ikoresha muri Centrafrique.

Inzego z'igipolisi zaraneguwe n'amakungu ingene zigenjeje mu gihe haduka ibibazo vy'umutekano na politike mu Burundi bifatiye ku mpari ku kiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza mu kwezi kwa kane mu 2015.

Bamwe mu ndongozi z'igipolisi mbere bafatiwe ibihano n'ibihugu vya Bulaya na Amerika.

Insiguro y'isanamu,

Abapolisi bagera ku 126 bageze ku Kibuga cy'indege i Bujumbura kuri uyu wa Mbere

LONI iherutse kwemeza ingingo yo kurungika mu Burundi abapolisi 228 bo kuza gufasha kwubahiriza umutekano. Iyo ngingo yariyamirijwe n'abashigikiye leta n'umugambwe uri ku butegetsi mu gisagara ca Bujumbura.

Ku wa gatandatu bagize imyiyerekano imbere y'ibiro vy'uwuserukira Ubufaransa mu Burundi banegura ico gihugu co cazanye integuro y'iyo ngingo imbere y'inama ya LONI ijejwe umutekano.