Umuriro wishe abana 11 babundikiriwe muri Irak

Yarmouk Hospital Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uwo muriro wakwiye mu bitaro vya Yarmouk mw'ijoro ryo ku wa kabiri (Iyi foto n'iyo mu 2004 )

Abana cumi n'umwe bahitanywe n'umuriro mu bitaro vyo ku mugwa mukuru wa Irak, Baghdad.

Itangazo ryo mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu rivuga ko uwo muriro wadutse ku musi wa kabiri mw'ijoro mu bitaro vy'abana vya Teaching Hospital, biri mu burengero bw'ico gisagara.

Abandi bana indwi n'abapfasoni 29 baciye bimurirwa mu bindi bitaro, nk'uko iryo tangazo ribandanya ribivuga,

Inkuru BBC yamenye zivuga ko abashika 19 bazovurwa ubushe hamwe n'ububabare buva ku myotsi bahemye.

Ubwo bushikiranganji bwavuze ko uwo muriro woba watewe n'ingorane z'umuyagankuba.

Nta zindi nsiguro ziraboneka, ariko muri iyi myaka ya vuba, ingorane z'umuyagankuba zaratumye inzu zitari zike za reta n'amasoko bisha.