Tennis: Serena Williams yatsinzwe muri Olempike

Serena Williams Uwufise ububasha kw’isanamu ALLSPORT/ GETTY IMAGES
Image caption Serena Williams

Umukinyi wa mbere muri tennis mu bigeme, Serena Williams yatsinzwe mu nkino za Olempike na Elina Sitoniva wo muri Ukriane ku ruhande rw'abapfasoni.

Williams yatsinzwe ku maseti 6-4 6-3 na Svitolina ari mu kibanza ca 20 mu rukino rwa Tennis kw'isi.

Uwo mu kinyi wa mbere kw'isi yakoze amakosa atanu yikurikiranya, mu gice c'indwi mw'iseti ya kabiri.

"Ntivyagenze uko nabishaka, ariko ntaco nararonse uburenganzira bwo guhiganwa i Rio, iyo yari imwe mu ntumbero yanje" uko ni ko William yavuze.

"Umukinyi mwiza uyu musi aratahukanye intsinzi, ariko ndazi ko uwundi musi nzogira urukino rwiza, nkaba ndawurindiranye igishika."

Uwufise ububasha kw’isanamu ALLSPORT/ GETTY IMAGES
Image caption Elina Svitolina

Williams na mutoya wiwe Venus basezeye mw'ihiganwa ry'abakinana ari babiri ku musi w'Imana n'abakinyi bo mu gihugu ca Cheques, Lucie Safarova na Barbora Strycova.