Burundi: Ibiziga bibiri vyarobwe muri Mubarazi

Ibiziga bibiri ni vyo vyakuwe mu ruzi Mubarazi
Ibiziga bibiri vyakuwe mu ruzi rwa Mubarazi mu ntara ya Muramvya n'igipolisi c'Uburundi mu bikorwa vyo kurondeza irengero ry'umumenyeshamakuru w'ikinyamakuru Iwacu.
Jean Bigirimana yabuzwe irengero ku wa 22 ukwezi kw'indwi uyu mwaka.
Ivyo biziga vy'abantu vyabonywe na bagenziwe baiko baratohoza mu karere yanyikiyemwo mu micungararo ya Bugarama baca basaba inzego zijejwe umutekano kubikura mu mazi kugira basuzume ko ata co kwa Jean Bigirimana coba kirimwo.
Inzego zijejwe umutekano zagumye zihakana ko ata uwo mumenyeshamakuru zigeze zifata, nazo zikavuga ko ziriko zirakora amatohoza yo kurondera irengero ryiwe.
Ku bw'abanyamakuru bari ahabareye ico igikorwa co gukura ivyo biziga mu mazi , vyompi n'ivy'abagabo.
Kimwe giciye umutwe, kiri gusa kiretse isheshetsi ku kuguru kumwe.
Ikindi kiratubitse mu mutwe, gifise agapira kirabura n'ivyandiko ku gikiriza ariko ahandi kiri gusa.
Kiboheyeko umufuko wuzuye amabuye manini manini , n'amaguru araboshe.
Vompi bimaze kwononekera ku buryo bitoroshe kumenya abantu abari bo.
Vyashizwe mu buruhukiro bw'ibitaro i Muryamvya.
Igikorwa co kugerageza kumenya umwidondoro w'abo bantu gitekanijwe kuri uyu wa gatanu nk'uko vyamenyeshejwe Evaritse Ndikumana yari arongoye umugwi w'igipolisi wakuye ivyo biziga mu mazi.