Umwami wa Maroke yasavye ubuislam bwihanganira abandi

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images
Umwami Mohammed wa gatandatu avuga ko intagondwa zihenda urwaruka rw'Abaislam
Umwami wa Maroke, Mohammed wa gatandatu, yasavye Abanyemaroke baba hanze, cane cane i Buraya, guhagarara kuri Islam yihanganira abandi bakiyamiriza ivangura.
Ni ubwa mbere umwami Mohammed ashikiriza ijambo imiriyoni zitanu z'Abanyemaroke baba hanze, mu gihe haheruka ibitero vy'intagondwa z'Abaislam i Buraya.
Abanyaburaya bafise amamuko muri Maroke baragize uruhara muri ivyo bitero.
Yiyamirije ubwicanyi bw'inzirakarengane anongerako yuko iyicwa ry'umupatiri mu Bufaransa mu kwezi guheze ari ikintu kidashobora kubabarirwa.
Umwami Mohammed yavuze ko intagondwa zisuka Abaislam bakiri bato mu kubabwira ubutumwa bwa Islam butari bwo, intumbero y'amahoro bakayigira ibindi.