Ubushinwa bwakiriye inama y' ibihugu bitunzi vya G20

Inama G-20 yabereye mu muji wa Hangzhou

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY IMAGES

Insiguro y'isanamu,

Abategetsi b' ibihugu bitunzi bihurikiye muri G-20 bahuriye mu BUshinwa

Igice kinini c'umunsi wa mbere w'inama ya G-20 caranzwe n'imikebukano hagati y'abategetsi batandukanyei, imbere y'inama ya bose mu muji wa Hangzhou.

Muri ayo manama ya babiri babiri, ahanini baganira ku bibazo vy'umutekano, intambara muri Syria, ubudandaji ndetse n'ihindagurika ry'ibihe.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Obama yavuze ko ibiganiro ku budandaji na UE biza imbere y'ivyo Ubwongereza

Iyi niyo nama ya nyuma ya G-20 kuri Obama nk'umukuru w'igihugu, ndetse n'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon, ariko ni iya mbere ku mushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May.

Vyitezwe ko Theresa May asobanurira abandi bategetsi ico kwiterwa inyuma y'ingingo yo kuva mu Bumwe bwa Bulaya.