Obama yemeye gufasha Turkiya gufata bagize coup d'etat
Perezida Obama yagiranye umubonano na perezida Recep Tayyip Ergogan, imbere y' inama ya G-20 ibera mu Bushinwa.
Turkiya yemeza ko inyuma y'igikorwa co gushaka gutembagza ubutegetsi hari umugabo yitwa Fethullah Gülen asanzwe aba muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.
Turkiya yasavye ko uyo mugabo w'umwigisha w'idini yarungikwa kuburanishwa iwabo, ariko Obama ntaco yavuze ku bijanye no kumutanga.
Gulen ubwiwe arahakana ko yoba yaragize uruhara muri ukwo gushaka gutembagaza ubutegetsi.