Abategeka Sudani y'epfo baregwa kwungukira mu ntambara

Salva Kiir (i buryo) na Riek Machar (i bubamfu)

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Salva Kiir (i buryo) na Riek Machar (i bubamfu) bagirizwa kwungukira mu ntambara barimwo

Icegeranyo casabwe na rurangiranwa mu gukina filme, George Clouney, cagirije abarongoye Sudani y'epfo kuba barungukiye mu ntambara yashegeshe ico gihugu.

Ico cegeranyo kivuga ko umukuru w'igihugu, Salva Kiir, umukuru w'abatavuga rumwe na leta Riek Machar, igisirikare hamwe n'imiryango yabo, ngo bahakuye ubutunzi bw'ikirenga.

Ngo abo bari hejuru mu burongozi bwa Sudani y'epfo baguze amazu meza cane hanze y'igihugu, bakorana n'amashirahamwe menshi arimwo ayimba ubutare hamwe n'ibitoro.

Abakoze ico cegeranyo, bamaze imyaka ibiri batohoza kuri ivyo vyagiriji vy'igiturire, bavuga ko bagerageje kuvugana n'abakekwa, ngo ariko benshi ntibabasubije.