Umwumvikano i Kigali wo kugabanya ivyuka vyonona ikirere

Ahavuye isanamu, AFP/Getty
Umwumvikano washitsweko mu nama yabera i Kigali mu Rwanda
Abari mu biganiro bavuye mu bihugu bishika amajana abiri bumvikanye ku kugabanya ivyuka biri mu biza imbere mu kwongera ubushuhe kw'isi.
Umwumvikano wo kurandura ivyuka vya hydrofluorocarbons watangarijwe ku murwa mukuru w'u Rwanda, Kigali.
Ivyo vyuka kandi bizwi nka HFC, biri mu vya nkenerwa bikoze za frigo hamwe n'ibindi vyuma bikanyisha inyubakwa.
Birusha ubukomezi inshuro zishika ibihumbi, ibindi vyuka vyongera ubushuhe kw'isi nka disoxide de carbone.
Uko uwo mwumvikano utunganijwe, ibihugu bikize bizotangura gukurako ivyo vyuka mu myaka itatu.
Ibihugu bikiri mu nzira y'amajambere, harimwo n'Ubuhindi, bizokwongerwa imyaka cumi n'itandatu.
Bamwe mu baharanira gukingira ibidukikije bavuga ko uwo mwumvikano udashika ku muzi w'ikibazo, ngo kandi bizogorana kugira ufashe kugabanya ubushuhe ku rugero rwipfuzwa kuba rwashitsweko mu 2100.