West Brom yashize Berahino mw'ikarasisi yo kugabanya ibiro

Ahavuye isanamu, PA
Saido Berahino arengeje ibiro bitata n'inusu ku biro ategerezwa kugira
Ikipe y'umupira w'amagaru yo mu Bwongereza, West Brom, yashize rutahizamu wayo Saido Berahino mu mwimenyerezo ugamije kugabanya ibiro.
Uwo mukinyi w'imyaka 23 yamuka mu gihugu c'u Burundi, ntaratangura urukino kuva aho bakina na Bournemouth itariki 10 z'ukw'icenda.
Ibipimo vyerekana ko arengeje ibiro bitatu n'amagarama amajana atandatu na mirongo ibiri n'icenda, ku biro yategerezwa kuba afise.
Umumenyereza wa West Brom, Pulis, yagize ati: "Sinibaza ko impamvu ituma adahwahwutse ari imwe gusa.
"Twamuteguriye umwimenyerezo wo kugabanya ibiro, ubu turizera kandi tugasenga ngo bizomufashe kugaruka ku rwego rwiwe."
Yongeyeko ati: "Uyu musore yavyijukiye kandi ashaka gusubira kunonoka."
Mu myaka ibi iheze yari kw'isonga
Berahino amaze gukinira West Brom inshuro zitanu gusa mu mahiganwa y'ubu kandi nta gitsindo arinjiza.
Yagaragaje icizere mu myaka y'amahiganwa ibiri iheze, aho yinjiza ibitsindo 20 mu nkino 45 z'ikipe yiwe.
Vyatumye Tottenham imwipfuza ariko bayankira kumugura inshuro zitatu, harimwo aho yashaka gutanga imiriyoni 22 z'amahera y'amongereza mu ci rya 2015-16.