Abamenyeshamakuru babiri bafashwe na polisi i Bujumbura

Ahavuye isanamu, Empics
Umuvugizi w'igipolisi, Pierre Nkurkiye, avuga ko abvafashwe bari kubarizwa kuri zone Cibitoke
Abamenyeshamakuru babiri, umwe w 'Umunyamerikakazi, Julia Steers, uwundi w'Umurundi, Gildas Yihundimpundu bafatiwe mu gisagara ca Bujumbura.
Bompi bafatiwe ku Mutakura ku ibarabara ry'umunani muri zone ya Cibitoke mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura.
Hari isaha zibiri zo mu gitondo aho bariko barakora ku vyerekeye amazu yatawe na beneyo kubera ivyabereye muri iyo ako gace kamwe mu twiyamirije ikiringo ca gatatu ca peresida Pierre Nkurunziza mu kwezi kwa Kane umwaka uheze 2015.
Abo bamenyeshamakuru, ku bw'ibiro bijejwe itangazamakuru mu Burundi, CNC [Conseil National de la Communication], ngo bafatiwe ku mutakura ibarabara ry'umunani inomero 40 ahigeze gutorwa ikonogo rusangi hahambiwemwo abantu mu bihe vy' imiyerekano.
CNC ivuga ko igiporisi cabanje kubahamagara kugira ngo bagire ico babaziko.
Icegera c'umukuru wa CNC yavuganye na BBC 'ari kumwe n'abo bamenyeshamakuru' aho bafatiwe ku mutakura.
Akavuga yuko yariko aratohoza imvo n'imvano y'ifatwa ryabo. Julia Steers akaba afise uruhusha rwo gukorera mu Burundi mfatakibanza (Accréditation).
Umuvugizi w'igipolisi, Pierre Nkurikiye, yabwiye radiyo ya leta ko bafashwe bariko barafotora ikinogo cahambwemwo abantu ikivunga (fausse commune) batabimenyesheje intwaro n'abajejwe umutekano. Yavuze ngo :
"Ivyo bibanza bitegerezwa gukingirwa kuko n'ivyemezo bihambaye" ku bwicanyi bwakozwe n'abagumutsi.
Nyuma polisi yemeje ko Madamu Julia, yaje kurekurwa, n'aho Bwana Gildas n'umushoferi bari kumwe bajanwa mu biro vy'iperereza guhatwa ibibazo. Julia ni umumenyeshamakuru yigenga akaba afise icicaro i Nairobi muri Kenya. Gildas Yihundimpundu akaba yariko aramufasha ni umumenyeshamakuru wigenga akorera i Bujumbura.