Burundi: Amashirahamwe atanu yahagaritswe burundu

Pierre Claver Mbonimpa, umuyobozi wa APRODH, rimwe mu mashyirahamwe yafatiwe ibyemezo na leta
Insiguro y'isanamu,

Pierre Claver Mbonimpa, umuyobozi wa APRODH, rimwe mu mashyirahamwe yafatiwe ibyemezo na leta

Amashirahamwe ya Forsc, Focode, Aprodh, Acat na RBP ni yo yahagaritswe burundu n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu mu Burundi.

Amashirahamwe adaharanira inyungu za politke 10 ni yo yafatiwe ingingo na reta y'Uburundi.

Atanu yahagaritswe burundu ayandi atanu nyene vy'agateganyo.

Menshi muri ayo mashirahamwe yari mu yiyamiriza ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza, bamwe mu bayarongoye na bo bakaba bararungikiwe imitahe mpuzamakungu yo guhagarikwa.

Ubwo bushikiranganji bwagiriza ayo mashirahamwe kurenga ku mategeko ayagenga no gucafuza igihugu, kubiba urwanko mu banyagihugu hamwe n'amacakubiri.

Ayo mashirahamwe yahagaritswe burundu, yari yarahagaritswe vy'agateganyo mu kwezi kwa cumi na rimwe umwaka uheze, ariko gushika ubu aracasohora ivyegeranyo vy'akazi ajejwe ko kuvugira abanyagihugu.

Hari kandi ayandi mashirahamwe atanu yabaye arahagaritswe vy'agateganyo, harimwo Syndicat UBJ ry'abamenyeshamakuru, Ligue Iteka, Cosome, ishirahamwe rishigikiye sentare mpuzamakungu CPI hamwe na SOS Torture.

Yaba ayahagaritswe burundu canke vy'agateganyo, yose yari muyateguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza, mbere benshi mu bayarongoye barahunze igihugu, bamwe muri bo bakaba barasohorewe imitahe mpuzamakungu yo guhagarikwa na reta y'Uburundi.

Ayo mashirshamwe yose aguma anebagura reta ko itubahiriza uburenganzira bw'abanyagihugu ijejwe kurongora.