Hillary na Trump ku munsi wanyuma wo kwiyamamaza

Hillary Clinton na Donald Trump bari mu twigoro twa nyuma two kurondera amajwi imbere y'amatora y'ejo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hillary Clinton na Donald Trump bari mu twigoro twa nyuma two kurondera amajwi imbere y'amatora y'ejo

Donald Trump na Hillary Clinton bari ku munsi wanyuma wo kwiyamamariza amatora y'umukuru w'igihugu wa Amerika, igikorwa caranzwe na vyinshi vy'akataraboneka.

Bose batumbereje intara zikomeye, madame Clinton akaba yatanguriye i Michigan na Trump i Florida.

Uwuserukiye aba Republicains, bwana Trump, yasubiye kuvuga ko amatora arimwo kumwiba guteguye nyuma y'aho igipolisi c'igihugu, FBI, gitangarije kuwa Mungu ko ata kimenyetso c'icaha casanze mu butumwa e-mail bwa madame Clinton.

Umunyamakuru wa BBC ari Washington avuga ko ikibazo nyamukuru ca madame Clinton ari kwumvisha benshi bashoboka kwitaba amatora.